IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA, BUNYONI NA DOLOFO (Ikigabane c’icumi na rimwe).

Petero Nkurunziza: …(agacerere kanini…. Nkurunziza ariko yiyumvira gose….) Bon…

Dolofo:… imbere yuko dusubira kurirya dossier yabarya bakecuru,Bob Rugurika, nibihugu vya buraya, n’ibindi n’ibindi, nagomba mbanze mbaze ingene amahera yaya deal ya commande y’igisoda n’igipolisi yo mubu Shinwa yagenze; kuko mparuye nasanze jewe mwampaye make! Oya, intica ntikize! Mwampaye amacica!

Bunyoni: Gute?

Dolofo: Uti gute? Marché irenza imiriyaridi ijana jewe mukampa imiriyoni amajana atanu gusa! Erega narabajije urya mu KAKA ambwira ko ibiciro vyadugijwe kugira turonke impamba tuzoganukana; nkibotine yigisoda igurwa ama dollar abiri mwayiharuye kuri dollar mirongumunani! Mirongumunani! Quatre vingt dollars i botine yigisoda! Aho simvuze uniforme, bérêts …. Naho ntize ibiharuro vyinshi wumva nari gutahira imiriyoni amajana atanu gusa! Pas question! Anda yose ngaha, zane intambi tumenamwo gutatu!

Petero Nkurunziza: Kusigaye ukara gose ga mwene data. Umviriza, arya mahera harimwo nayamatora y’umugambwe. Nico gituma  urya mu KAKA twamurishe na livraison itaraba. Wewe uravye nkikibazo cokwitoza ubugira gatatu tutaguze abantu bamwe bamwe bo muri système, ntubona ko bazodusesera agatabi canke baturwanye. Nukubanyanyagiza mwo amahera kugira bakazibe imbere ya Congrès du parti…

Dolofo: Mzee ntimumfate nkikijuju!  Nukuri hari ibisigaye bintangaza:Dufatira ingingo hamwe yo gupanga akarere duhereye kwica ababikira bokwa Buyengero, bigoranye mugaca mushaka kubimpindirako jenyene, ariko hageze kugabura amahera ya commande zigisoda n’igipolisi, muca munshira kuruhande. mukazana explications zitumvikana nagato. Marché yamiriyaridi ijana zirenga, niburiburi dusigarana imiriyaridi mirongitanu yokugabura. None ndonka intica ntikize ya cinq cent millions? Cinq cents millions gusa? Sha mwarabonye ko ntize guharura basi! Ebana tureke imikino dusabikanye, nayahandi ibara rirarwa.

Bunyoni: Bagenzi ukuntu mbona dusigaye duhazana ni agasema! Abavuze ko amaraso azohava aseseka muri ibi bihe hagati yacu, ntibabeshe! Ahubwo nyabuna twibande kuri gestion yikikibazo cabarya babikira babatariyano na Bob . Rebe inama nshingamateka y’ ibihugu vya Buraya ihejeje gusohora résolution yagacamutwe. Abaserukira ibihugu vyabo ngaha bakurakuranwa kuraba Bob i Muramvya gusumba uko baraba Kavakure. Sinduhije nguyo i Roma kutwimbira  icobo…

Dolofo: Mafu! Ntaco ivyo vyose bimbarira jewe!

Nkurunziza: Ahubwo nayo mahera dushobora nokutaronka ingene tuyarya turavye nabi!

Dolofo: Kuriyo noti, nta discussions nyinshi! Mutaretse kundyamira ndakoma induru! Ndatabaza Olucome mama yangu!

Nkurunziza: Wasaze!

Dolofo: Iyi dossier yiyi marché yimiriyaridi ijana zirenga muyifyinyeko, iraduhitana twese! Singomba rero kuzira amahera ntariye! Zane tugabure basha. Ahandi ho kombona nubutegetsi bwacu busa nuburiko buranyerera, barayidutsindako!

Nkurunziza: Hamagara wa mu KAKA twahaye marché (abwiye Bunyoni) kuko ndabona bikomeye! Ntidupfe ubusa! Amunguranka niyo mazituvya.

( Hatungimana Léonidas alias Tout Autre arinjiye. Ikiganiro giciye gihinduka)

Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE.

5 réponses
  1. Rose Hakizimana
    Rose Hakizimana dit :

    Ukwo nikwo bishe Igihugu ntakindi cabazanye atari Ukwica nukwiba Mpora ndababarira ikituma Adolphe atigera apfatwa ko ari ukubera ko amabi yose yakozwe cane cane Ubwicanyi nkubwakorewe Umuhisi Manirumva Ernest,Abihebeye Imana b Ikiremba ca Ngozi,Abaciwe mu kabare Gatumba,Ababikira ba Guido Maria Kamenge nahandi
    Aho hose haba harimwo ama dossier y amahera kandi vyose bihagaze kuri Nkurunziza
    Ibuka ko Manirumva yishwe hari dossier ya mahera menshi y ibigwanisho vyaja mu
    nterahamwe Mwibuke ko Rugurika Bob yabaseseye agatabi mukwerekana Ibigwanisho vyari bije mbere baciye bamwaka telephone ,muraraba neza ukwo kumupfunga ntihagire ico aba kuko bamuronse bamunyotewe Iyo relo muriko muribaza ko Adolphe canke uwundi wese ari muriyo Groupe ngo yohamagagwa mu Bucamanza Nkurunziza akiri ku Butegetsi oya
    Ariko bazoteba bavyishure Ikindi nukwo baje babesha ngo n abantu b Imana hanyuma bakora ivya masheteni baragowe nukuri kuko amaherezo yabo nimabi

    Répondre
    • Admin
      Admin dit :

      Mushingantahe Bukuru ukaba ushaka kumenya ukuri aho kuri genda ubaze ababijejwe ko atasoko ryimiriyaridi ijana zamarundi zahawe umuntu umwe yitwa Suguru Olivier. Iryo soko niryo kugura ibirato, tenues, bérêts…Ko mbona umenga urahemberana nubu butegetsi baza mubushikirangaji bw’ikigega ca Leta ko ayo mahera atasohotse nivyo bikoresho bitarava mubushinwa. Ko umengo uri somambike wiyo ntwaro baza uyumusi ko uyo bita KAKA ko atari mubushinwa kuzana iyo commande. Ico utazi nukubaza. Ariko ico womenya ugashira kumuzirikanyi, ni uko ibotine imwe yigisoda igurwa ama dollar abiri canke ane ariko uburundi bwo bukayigura amadollar mirongumunani nawewe ubwo busuma buraguhohotera! Ubwo busuma nawewe buragukokora! Iryo deni n’umwana wawe azo ririha! Ivyo vyitwa surfacturation iteye ubwoba kandi iteye isoni!!!!!!!!!

      Répondre
  2. Haringingo
    Haringingo dit :

    Ndagushimiye Mushingantahe Admin kubona uciye uha umuco uwo Bukuru yariko yibaza ko mwandika ibidatohoje. Ukuri guca mu ziko ntigusha. Ivyo ni ibiterasoni kubona abarundi twisamburirako nk’ihene. Ntibazi ko uko ari ukwicira ishami twicayeko. Barundi, barundikazi, aka ni akambariro k’ibara ku Burundi twari twagabiwe n’Imana buberewe ukuraho. Abo bagabo bataye ubuntu vyobabera vyo bavuye i buzimu bakaja i buntu bakibuka ko Uburundi buri maso bitebe bitebuke bazobibazwa bageze ngaho. Abarundi nabo si abana bazoyarya batore ikiri ku mutima kuko nta murundi atarabona ico bamumajije muri iyi myaka icumi bamaze bimbira icobo Uburundi n’abarundi. Uwo bazohendereza inoti arayakira aheze abasezere yongere abasezerere bimyize ibamfu kuko intambara yo ntayo bagishoboye kubera nabo nyene ntibazi abo bari kumwe n’abo batari kumwe. Bareke baryane ribamenekane. Baribuka ivyashikiye Gahini ahejeje guhemuka…..

    Répondre
  3. mukobwajana
    mukobwajana dit :

    ABARUNDI TWARAROZWE!!!ABAKURU BARARYA ABASUKU BAGAKOMA AMASHI NONE BUKURU YOVUGA KO IZO DETOURNEMENTS ATAZO YUMVA ???ABANTU NKABO BARAGOWE ..URIKO USHISITIRA ADOLPHE NGO AGUME YICA YIBA ATERA SIDA WE SHA ARAGUHAKO ARIKO PETER YARABAROZE NGO MUMUVUGIRE?????!!!!!!

    Répondre

Répondre

Se joindre à la discussion ?
Vous êtes libre de contribuer !

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *