IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA, BUNYONI NA DOLOFO (Ikigabane c’icumi).

Petero Nkurunziza:  Chers amis, la situation est en train de nous  échapper. Ntakintu nakimwe kigipanze! Amatora, congrès y’umugambwe, ikibazo canje cokwitoza, vyose vyabaye isupu!!!Amaruru yoyo ajanye na Bob Rugurika nabarya babikira babatariyano bo mu Kamenge, tutaravye neza araduhitana! None tubikike gute?

Bunyoni: Monsieur le président, bigoye bigoye kuko  amatwi adusumira umengo irya enquête Bob Rugurika yayigiranye na Ekeleziya Gatolika! Ntawuyobewe inguvu n’ikibi iryo shengero rifise. Uravye irya misa Ekeleziya Gatolika yatunganirije kwa Buyengero kuruyu musi w’Imana uheruka, biragaragara ko baduhagurukiye! Nivyo, siheza! Raba na Madaraga  twahora twibaza ngo aratwumva yayiciye umurya mukutwifatira mugahanga! Aho rero simvuze yamihimbiri twahorana muri système ubu ngo bazivugiriza mugipfunsi, ngo turi muyabira! Ngo baratamba bagatarika! basigaye batambisha agakomokomo!

Dolofo: None ko mwese muvuga mundaba? Mwibuke ko ingingo yo kwica barya babikira twayifatiye aha nyene! Ibuka ( atunze urutoke Bonyoni) ko ari wewe wasatiriye ngo barya bakecuru ntibasumba Ruhuna canke urya yaserukira Papa i Burundi, nimba ariwe nde? Wavuga ko bagandaguwe kakaba akamizwe n’ingoma, ko atanumwe akibibuka canke ngo abaze ivy’urupfu rwabo. Ibuka wavuga ko barya bakecuru nigihugu c’ubutaliyano ntikizi iyo baherereye…

Petero Nkurunziza:… bane ba mama uyu si umwanya wogutanako umwikomo! Sigiye cokwagirizanya! Reka nyabuna dutore umuti wokuva muri aka kaga. Twinjiye mugipindi kidasanzwe…. (télephone ya Nkurunziza irahamagawe)…

Allo! Allo!..(yongoreye abagenzi biwe ko ari umupfasoni wiwe ahamagaye. Aciye ashira muri haut parleur)… Allo!

Deniza: Prezida, ndumvise ko mucuritse imitwe hamwe nababagabo. Nkuko nabikubwiye nijoro, ubutegetsi bwanyu bugeze ahatemba! Ahatemba! uranyumva? Allo!

Petero Nkurunziza: … egome ndakumva…

Deniza: Icihutirwa ni ukurekura urya mumenyeshamakuru wa RPA vuba, mumaguru masha! Icakabiri kugira amaraso yabarya babikira  ariko arabira,  kugira ahore, shira mugasho Adolphe….( aciye azura amaso Nkurunziza, aciye aca communication)….

Dolofo: Mzee nivyo mwaraye mwo? Mzee? Mzee naho mugeze? Iyo ni trike mwumvikanye yuko ahamagara turikumwe twese kugira adendembe ivyo numvise? (aricurikiye, azungagije umutwe, arimyoje aca  avuza uruhwa)… ndagiye, sinshobora kuguma muri ibi biro, nohava nsara nkakora ishano! (Dolofo aciye akubitako umuryango cane asohotse).

Petero Nkurunziza: Mon frère, que faire?

Bunyoni: Biragoye… mais il faut sacrifier bamwe muri barya bavurwa murirya dossier, ariko Bob agumeyo, ahubwo bamute mu Rumonge kuko Muramvya ni hafi…… (Deniza arinjiye n’ishavu ryinshi)

Deniza: …uti Bob mu Rumonge? Mbega mwasaze? Ko wanciriyeko telephone (abwira Nkurunziza)? Ndabamenyeshe ko amaraso yabarya babikira arabatwara agatwe mugumye mujujuta. Ndasubiyemwo ( araba Nkurunziza)… shira mugasho barya bose bavurwa muriryo gandagurwa ryababikira ba bataliyano uhereye kuri  Adolphe. None Radjabu we ntiwamushizeyo! Imyaka indwi ntiheze atagakacira! Ariko icihutirwa ni irekurwa ryurya wo muri RPA. Niwe nde?…

Bunyoni: … Bob Rugurika, Excellence!

Deniza: Nyakugira Bob! Rekure Bob mwabagabo mwe!

Bunyoni: Monsieur le président, tubashire mugasho. Kugira ntibadusesere agatabi cane cane uyu mugenzi yivumbuye, tuzobicira mugasho.  Prezida ibuka ingene abari muri dossier ya Ndadaye baguye mu Mpimba; kandi wibuke ko Adolphe iyo adahuruduka akazana umusazi ngo niwe yishe ababikira aya maruru yose ntaba yafashe iyi ntumbero. Tubashireyo ntanumwe azobaririra. Kazoba akamizwe n’ingoma…

(Dolofo arinjiye giturumbuka, bose baciye banuma).

 

Ikiganiro ca tororokanijwe na Pancrace CIMPAYE.

 

 

 

7 réponses
  1. Ndumiwe Jeannette
    Ndumiwe Jeannette dit :

    Ewe Pancrace, eka kweli urazi gukina inkinamico!!! Bravo!
    Uko biri kwose, le sang de ces innocentes soeurs crie vengeance au ciel! Abanyoye amaraso ya barya babikira Imana yaramaze kubavuma kandi ntituzoteba kubibona.

    Répondre
  2. Rose Hakizimana
    Rose Hakizimana dit :

    merci beaucoup ,ngiyi inkuru iryoshe cane ibi nibimwe bahora bavuga ngo kabiri karazigwa barishe barenza urugero none barya baikira bagira bazure ubwicanyi bwose bwkozwe kuva bakiri mw ishamba
    je murabishira ahabona bose bamenye ivyo bagezemwo nukuri baragowe
    Jewe narababariye ko ko Bob apfunzwe kuko Prezida Nkurunziza ariko arakingira ikibaba abicanyi kandi nawe nyene yikingira kuko Documentation ivyo yakoze vyose yarabizi kandi baba bagiye inama

    Répondre
  3. Nduwimana
    Nduwimana dit :

    Merci beaucoup bwana Pancrace CIMPAYE.
    Komera mubandanye mushikiriza inkuru yimvaho ku biriko biraba mu Burundi. Abarundi namakungu bamenye uko bimeze bongere barabe ico bokora kugira bihagarikwe kuko abo ba FOUDD bararenze inkombe nukuri

    Répondre
  4. kaje
    kaje dit :

    none burya irementanya kukiganiro rirashoboka.ewe pancrace urubishira mwireresi naho turabe,vyo tesa.kimwe amaraso yintungane arahuma.dusenge kugira abishe barya bihayImana BIVUGE KANDI BASABE IKIGONGWE.IMBABAZI TURITEGUYE KUZITANGA.

    Répondre

Répondre

Se joindre à la discussion ?
Vous êtes libre de contribuer !

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *