pdb

IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA ,DOLOFO NA BUNYONI (Ikigabane caicenda).

Intangamarara.

Murukurikirane rw’ibiganiro vyerekana ingene abo bagabo batatu , Petero Nkurunziza, Dolofo na Bunyoni aribo batwaye igihugu bagicuritse, twarabereka abagenzi babo binjiye aho bacuritse imitwe ikiyago caca gihera canke kigahagarikwa. Uyumusi uyo murwi niwo wahagurutse urahakana ko Uburundi busha canke ko ihangiro barwaniye  rihinduka rikaba ubunyonyezi, intwaro y’igikenye, y’agacinyizo, indandende,gukumirana, inzara n’ubukene nayandi mabi yugarije igihugu. Nabo rero baraye bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba ko ako karwi kabandanije kigenza nk’impene yo muci ko Petero Nkurunziza azojana nako. None Nkurunziza nabo basoma mbike biwe bavyakiriye gute ? Mbega umupfasoni w’umukuru w’igihugu ahagaze he ? Ni muvyisomere.

Petero Nkurunziza : Bane ba mama, ubutigu burageze, intenderi yasheshe umuti ! Kakarwi kababasazi kanyandikiye ikete kansaba ko ndababogoza canke ngo nibonereko. Nabuze ico mfata, nabuze ayo ncira nayo mira ! Turabikika gute ? Aho bigoreye badufatiye habi : mugihe ADC-IKIBIRI yasaze ngo sinitoze, mon ami Blaise Compaoré bamwirukanye nkumumenja ! François Hollande aguma asaba ko sindahirahire ngo nsubire kwitoza !

BUNYONI : Monsieur le Président nakubwiye kuva kera ko abo ba Nabindika, ba Neva, ba Moîse i Kinshasa, ba Niyombare kubavugutira umuti hakiri kare urahesha ; none raba baraduhanze. Bate mugasho bose urabe ko hari uwusubira kuryogora.

DOLOFO : wewe ugomba ko baba abamaratiri ! Ubashize mugasho amakungu nazamburabugirire za société civile bazoba baronse akazi nakaryo ko kutwimbira icobo. Jewe ndabasavye ko tubarasa umwumwe. Kuburana nikiziga biroroshe gusumba kuburana nuwuri mumpimba. Ari bazima bazogumura igihugu cose, ibizoshika nibirya vya Burkina Faso. Jewe ndafise inkoho nirengagije kubuterere reka turabe abana tuziha bitwe ko ari rebellion ya ADC-IKIBIRI yateye ica igandagura abo bavandimwe bacitse abagesera.

NKURUNZIZA : Mwabagabo mwe ! Mwabagabo mwe ! Kumengo iki cuka mugifata minenerwe ! Kumengo mwibagiye ko na Chef d’Etat major de l’armée  twasamaye gushika aho nawe asigaye ashigikiye ako karwi! Erega turi encirclés, niba mucibuka ico bivuga kurugamba! Nous sommes dans la merde les amis!

BUNYONI : Président, barungike bose muma ambassade yakure : mu bu Rusiya, mu buchinois, muri brésil, mubuhindi nahandi. Canke basabire ubuzi muri ONU muri maintien de la paix.

NKURUNZIZA : Jewe nibaza ko nobakura mubibanza murimwo nkabashira ahandi habayabaye. Erega igikuru si ibibibanza murimwo mais ama deals yamahera tugira ! Ivyo navyo ntakizohinduka : nitwe tuzoguma dufata ingingo kubibazo vyose vyega igihugu. D’ailleurs tuzoza tugira inama chaque jour kugira tugire stratégies zo gukomeza notre système. Kandi mwibuke ko twamye nantaryo dukora gutryo mugihe cose uwacu yaba abangamiwe. Ibuke ingene wewe ( avuga Bunyoni) twagukuye muri Leta tukaza kukunyegeza ngaha muri cabinet…

BUNYONI :… none raba nongaha bansanze ho !

DOLOFO : Uko biri kose abobajenjeka nabonyene nukubakura mubibanza barimwo. Bibatera amanyama menshi : urabona Nabindika bageze aho bamusasira tapis rouge mumanza zimwe zimwe !

NKURUNZIZA : Reka ngende kwiyumvira ! Ngomba kuva Dakar muri birya bintu vya Buyoya ico kibazo caheze. Wewe ( DOLOFO) nzokugira Chargé de mission, uzoguma wiryamiye muhira canke muri za clubs zawe mbere uce uronka numwanya wokuraba irya armée de réservistes yacu ( avuga imbonerakure). Nawe fata Conseil de Sécurité.

DOLOFO : Mzee none ivyo bivagundu navyo bica biguma bigayagaya iruhande yawe ? Eka….Ekawe….kura ubwo bucafu hambavu yawe !

( Umupfasoni w’umukuru w’igihugu arinjiye. Afise agashavu)

DENISE : Narababwiye ko muzohemuka mumpfakaje ! Iyo mitwe muguma mucurika hamwe abagenzi mwasangiye urugamba mubafata nkibijuju ataco bimaze izobakwegera akarambaraye!

Président, va murivyo bintu amazi atararenga inkombe! Ubu irashize ingani ubutegetsi bwanyu burangirize mumaraso? Ndabarahiye mutikebutse inganda ziratikira, amaraso araseseka, dusigare turi abapfakazi , dusigarane impfuvyi zitazoronka naho zihungira kuko isi yose itaduha nirwere!

Président, irukana ababagabo! Harya umuhanuzi mubi angana numurozi!

( Nkurunziza aciye asohoka azunza umutwe. Abandi basigaye mugacerere. Bunyoni agomvye gusohoka Denise aramuhagaritse)

DENISE: Ubu murakenyeye koko umugabo wanje bamugandagure  kubera amaronko yangu? Ubu murakenyeye tuzopfe twangara n’uruvyaro kubera ububegito bwanyu? Ubu muremanze  gose mubohere amaboko imugongo igihugu cose gushika aho umugambwe CNDD-FDD utazopfa usubiye kuvurwa mumateka y’igihugu?

Ndabarahiye mutisubiyeko ibara rirarwa! Inganda ziratikira! Kandi ntimwibaze ngo namwe muzohava amarembe !

( Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE arongoye www.mporeburundi.org).

4 réponses
  1. Ndumiwe Jeannette
    Ndumiwe Jeannette dit :

    Mbega mushingantahe Pancrace ivyo biganiro babigira mwicaranye nabo?
    Postez sur votre site des arguments crédibles contre le pouvoir DD, ce n’est pas la matière qui manque!

    Répondre
  2. bizahinduka revolutionnaire
    bizahinduka revolutionnaire dit :

    ibintu bwabundi bisigaye byacitse pe!!ubundi amaraso arahuma ibyo bakora byose imana izobibabaza kandi igihe cokwishura imbabare kizagera aha imitima yaradundubiwe.

    Répondre
  3. Habonayo Marc
    Habonayo Marc dit :

    Urakoze Cane bwana Prancrase. Ariko igiganiro cawe cahora kiryoha cane iyo utubwiye ibitaraba canke ivyo turazi.
    Mbe ntaco wotubwira kuri urya mugambi wo kwiba amatora, kubuza Rwasa kwitoza, Nditije na Ngayimpenda basa n’ ababandanya kubangamira CNDD FDD, Ishengero Catholica risa n’iryakuye iminwe kuri CNDD FDD, ba Rukoti bashizwe en veilleuse kubera induru z’ amaradiyo n’abanyagihugu zari zabaye ndanse,……..

    Répondre

Répondre

Se joindre à la discussion ?
Vous êtes libre de contribuer !

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *