Articles

IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA, BUNYONI NA DOLOFO (Ikigabane c’icumi na rimwe).

Petero Nkurunziza: …(agacerere kanini…. Nkurunziza ariko yiyumvira gose….) Bon…

Dolofo:… imbere yuko dusubira kurirya dossier yabarya bakecuru,Bob Rugurika, nibihugu vya buraya, n’ibindi n’ibindi, nagomba mbanze mbaze ingene amahera yaya deal ya commande y’igisoda n’igipolisi yo mubu Shinwa yagenze; kuko mparuye nasanze jewe mwampaye make! Oya, intica ntikize! Mwampaye amacica!

Bunyoni: Gute?

Dolofo: Uti gute? Marché irenza imiriyaridi ijana jewe mukampa imiriyoni amajana atanu gusa! Erega narabajije urya mu KAKA ambwira ko ibiciro vyadugijwe kugira turonke impamba tuzoganukana; nkibotine yigisoda igurwa ama dollar abiri mwayiharuye kuri dollar mirongumunani! Mirongumunani! Quatre vingt dollars i botine yigisoda! Aho simvuze uniforme, bérêts …. Naho ntize ibiharuro vyinshi wumva nari gutahira imiriyoni amajana atanu gusa! Pas question! Anda yose ngaha, zane intambi tumenamwo gutatu!

Petero Nkurunziza: Kusigaye ukara gose ga mwene data. Umviriza, arya mahera harimwo nayamatora y’umugambwe. Nico gituma  urya mu KAKA twamurishe na livraison itaraba. Wewe uravye nkikibazo cokwitoza ubugira gatatu tutaguze abantu bamwe bamwe bo muri système, ntubona ko bazodusesera agatabi canke baturwanye. Nukubanyanyagiza mwo amahera kugira bakazibe imbere ya Congrès du parti…

Dolofo: Mzee ntimumfate nkikijuju!  Nukuri hari ibisigaye bintangaza:Dufatira ingingo hamwe yo gupanga akarere duhereye kwica ababikira bokwa Buyengero, bigoranye mugaca mushaka kubimpindirako jenyene, ariko hageze kugabura amahera ya commande zigisoda n’igipolisi, muca munshira kuruhande. mukazana explications zitumvikana nagato. Marché yamiriyaridi ijana zirenga, niburiburi dusigarana imiriyaridi mirongitanu yokugabura. None ndonka intica ntikize ya cinq cent millions? Cinq cents millions gusa? Sha mwarabonye ko ntize guharura basi! Ebana tureke imikino dusabikanye, nayahandi ibara rirarwa.

Bunyoni: Bagenzi ukuntu mbona dusigaye duhazana ni agasema! Abavuze ko amaraso azohava aseseka muri ibi bihe hagati yacu, ntibabeshe! Ahubwo nyabuna twibande kuri gestion yikikibazo cabarya babikira babatariyano na Bob . Rebe inama nshingamateka y’ ibihugu vya Buraya ihejeje gusohora résolution yagacamutwe. Abaserukira ibihugu vyabo ngaha bakurakuranwa kuraba Bob i Muramvya gusumba uko baraba Kavakure. Sinduhije nguyo i Roma kutwimbira  icobo…

Dolofo: Mafu! Ntaco ivyo vyose bimbarira jewe!

Nkurunziza: Ahubwo nayo mahera dushobora nokutaronka ingene tuyarya turavye nabi!

Dolofo: Kuriyo noti, nta discussions nyinshi! Mutaretse kundyamira ndakoma induru! Ndatabaza Olucome mama yangu!

Nkurunziza: Wasaze!

Dolofo: Iyi dossier yiyi marché yimiriyaridi ijana zirenga muyifyinyeko, iraduhitana twese! Singomba rero kuzira amahera ntariye! Zane tugabure basha. Ahandi ho kombona nubutegetsi bwacu busa nuburiko buranyerera, barayidutsindako!

Nkurunziza: Hamagara wa mu KAKA twahaye marché (abwiye Bunyoni) kuko ndabona bikomeye! Ntidupfe ubusa! Amunguranka niyo mazituvya.

( Hatungimana Léonidas alias Tout Autre arinjiye. Ikiganiro giciye gihinduka)

Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE.

IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA, BUNYONI NA DOLOFO (Ikigabane c’icumi).

Petero Nkurunziza:  Chers amis, la situation est en train de nous  échapper. Ntakintu nakimwe kigipanze! Amatora, congrès y’umugambwe, ikibazo canje cokwitoza, vyose vyabaye isupu!!!Amaruru yoyo ajanye na Bob Rugurika nabarya babikira babatariyano bo mu Kamenge, tutaravye neza araduhitana! None tubikike gute?

Bunyoni: Monsieur le président, bigoye bigoye kuko  amatwi adusumira umengo irya enquête Bob Rugurika yayigiranye na Ekeleziya Gatolika! Ntawuyobewe inguvu n’ikibi iryo shengero rifise. Uravye irya misa Ekeleziya Gatolika yatunganirije kwa Buyengero kuruyu musi w’Imana uheruka, biragaragara ko baduhagurukiye! Nivyo, siheza! Raba na Madaraga  twahora twibaza ngo aratwumva yayiciye umurya mukutwifatira mugahanga! Aho rero simvuze yamihimbiri twahorana muri système ubu ngo bazivugiriza mugipfunsi, ngo turi muyabira! Ngo baratamba bagatarika! basigaye batambisha agakomokomo!

Dolofo: None ko mwese muvuga mundaba? Mwibuke ko ingingo yo kwica barya babikira twayifatiye aha nyene! Ibuka ( atunze urutoke Bonyoni) ko ari wewe wasatiriye ngo barya bakecuru ntibasumba Ruhuna canke urya yaserukira Papa i Burundi, nimba ariwe nde? Wavuga ko bagandaguwe kakaba akamizwe n’ingoma, ko atanumwe akibibuka canke ngo abaze ivy’urupfu rwabo. Ibuka wavuga ko barya bakecuru nigihugu c’ubutaliyano ntikizi iyo baherereye…

Petero Nkurunziza:… bane ba mama uyu si umwanya wogutanako umwikomo! Sigiye cokwagirizanya! Reka nyabuna dutore umuti wokuva muri aka kaga. Twinjiye mugipindi kidasanzwe…. (télephone ya Nkurunziza irahamagawe)…

Allo! Allo!..(yongoreye abagenzi biwe ko ari umupfasoni wiwe ahamagaye. Aciye ashira muri haut parleur)… Allo!

Deniza: Prezida, ndumvise ko mucuritse imitwe hamwe nababagabo. Nkuko nabikubwiye nijoro, ubutegetsi bwanyu bugeze ahatemba! Ahatemba! uranyumva? Allo!

Petero Nkurunziza: … egome ndakumva…

Deniza: Icihutirwa ni ukurekura urya mumenyeshamakuru wa RPA vuba, mumaguru masha! Icakabiri kugira amaraso yabarya babikira  ariko arabira,  kugira ahore, shira mugasho Adolphe….( aciye azura amaso Nkurunziza, aciye aca communication)….

Dolofo: Mzee nivyo mwaraye mwo? Mzee? Mzee naho mugeze? Iyo ni trike mwumvikanye yuko ahamagara turikumwe twese kugira adendembe ivyo numvise? (aricurikiye, azungagije umutwe, arimyoje aca  avuza uruhwa)… ndagiye, sinshobora kuguma muri ibi biro, nohava nsara nkakora ishano! (Dolofo aciye akubitako umuryango cane asohotse).

Petero Nkurunziza: Mon frère, que faire?

Bunyoni: Biragoye… mais il faut sacrifier bamwe muri barya bavurwa murirya dossier, ariko Bob agumeyo, ahubwo bamute mu Rumonge kuko Muramvya ni hafi…… (Deniza arinjiye n’ishavu ryinshi)

Deniza: …uti Bob mu Rumonge? Mbega mwasaze? Ko wanciriyeko telephone (abwira Nkurunziza)? Ndabamenyeshe ko amaraso yabarya babikira arabatwara agatwe mugumye mujujuta. Ndasubiyemwo ( araba Nkurunziza)… shira mugasho barya bose bavurwa muriryo gandagurwa ryababikira ba bataliyano uhereye kuri  Adolphe. None Radjabu we ntiwamushizeyo! Imyaka indwi ntiheze atagakacira! Ariko icihutirwa ni irekurwa ryurya wo muri RPA. Niwe nde?…

Bunyoni: … Bob Rugurika, Excellence!

Deniza: Nyakugira Bob! Rekure Bob mwabagabo mwe!

Bunyoni: Monsieur le président, tubashire mugasho. Kugira ntibadusesere agatabi cane cane uyu mugenzi yivumbuye, tuzobicira mugasho.  Prezida ibuka ingene abari muri dossier ya Ndadaye baguye mu Mpimba; kandi wibuke ko Adolphe iyo adahuruduka akazana umusazi ngo niwe yishe ababikira aya maruru yose ntaba yafashe iyi ntumbero. Tubashireyo ntanumwe azobaririra. Kazoba akamizwe n’ingoma…

(Dolofo arinjiye giturumbuka, bose baciye banuma).

 

Ikiganiro ca tororokanijwe na Pancrace CIMPAYE.

 

 

 

pdb

IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA ,DOLOFO NA BUNYONI (Ikigabane caicenda).

Intangamarara.

Murukurikirane rw’ibiganiro vyerekana ingene abo bagabo batatu , Petero Nkurunziza, Dolofo na Bunyoni aribo batwaye igihugu bagicuritse, twarabereka abagenzi babo binjiye aho bacuritse imitwe ikiyago caca gihera canke kigahagarikwa. Uyumusi uyo murwi niwo wahagurutse urahakana ko Uburundi busha canke ko ihangiro barwaniye  rihinduka rikaba ubunyonyezi, intwaro y’igikenye, y’agacinyizo, indandende,gukumirana, inzara n’ubukene nayandi mabi yugarije igihugu. Nabo rero baraye bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba ko ako karwi kabandanije kigenza nk’impene yo muci ko Petero Nkurunziza azojana nako. None Nkurunziza nabo basoma mbike biwe bavyakiriye gute ? Mbega umupfasoni w’umukuru w’igihugu ahagaze he ? Ni muvyisomere.

Petero Nkurunziza : Bane ba mama, ubutigu burageze, intenderi yasheshe umuti ! Kakarwi kababasazi kanyandikiye ikete kansaba ko ndababogoza canke ngo nibonereko. Nabuze ico mfata, nabuze ayo ncira nayo mira ! Turabikika gute ? Aho bigoreye badufatiye habi : mugihe ADC-IKIBIRI yasaze ngo sinitoze, mon ami Blaise Compaoré bamwirukanye nkumumenja ! François Hollande aguma asaba ko sindahirahire ngo nsubire kwitoza !

BUNYONI : Monsieur le Président nakubwiye kuva kera ko abo ba Nabindika, ba Neva, ba Moîse i Kinshasa, ba Niyombare kubavugutira umuti hakiri kare urahesha ; none raba baraduhanze. Bate mugasho bose urabe ko hari uwusubira kuryogora.

DOLOFO : wewe ugomba ko baba abamaratiri ! Ubashize mugasho amakungu nazamburabugirire za société civile bazoba baronse akazi nakaryo ko kutwimbira icobo. Jewe ndabasavye ko tubarasa umwumwe. Kuburana nikiziga biroroshe gusumba kuburana nuwuri mumpimba. Ari bazima bazogumura igihugu cose, ibizoshika nibirya vya Burkina Faso. Jewe ndafise inkoho nirengagije kubuterere reka turabe abana tuziha bitwe ko ari rebellion ya ADC-IKIBIRI yateye ica igandagura abo bavandimwe bacitse abagesera.

NKURUNZIZA : Mwabagabo mwe ! Mwabagabo mwe ! Kumengo iki cuka mugifata minenerwe ! Kumengo mwibagiye ko na Chef d’Etat major de l’armée  twasamaye gushika aho nawe asigaye ashigikiye ako karwi! Erega turi encirclés, niba mucibuka ico bivuga kurugamba! Nous sommes dans la merde les amis!

BUNYONI : Président, barungike bose muma ambassade yakure : mu bu Rusiya, mu buchinois, muri brésil, mubuhindi nahandi. Canke basabire ubuzi muri ONU muri maintien de la paix.

NKURUNZIZA : Jewe nibaza ko nobakura mubibanza murimwo nkabashira ahandi habayabaye. Erega igikuru si ibibibanza murimwo mais ama deals yamahera tugira ! Ivyo navyo ntakizohinduka : nitwe tuzoguma dufata ingingo kubibazo vyose vyega igihugu. D’ailleurs tuzoza tugira inama chaque jour kugira tugire stratégies zo gukomeza notre système. Kandi mwibuke ko twamye nantaryo dukora gutryo mugihe cose uwacu yaba abangamiwe. Ibuke ingene wewe ( avuga Bunyoni) twagukuye muri Leta tukaza kukunyegeza ngaha muri cabinet…

BUNYONI :… none raba nongaha bansanze ho !

DOLOFO : Uko biri kose abobajenjeka nabonyene nukubakura mubibanza barimwo. Bibatera amanyama menshi : urabona Nabindika bageze aho bamusasira tapis rouge mumanza zimwe zimwe !

NKURUNZIZA : Reka ngende kwiyumvira ! Ngomba kuva Dakar muri birya bintu vya Buyoya ico kibazo caheze. Wewe ( DOLOFO) nzokugira Chargé de mission, uzoguma wiryamiye muhira canke muri za clubs zawe mbere uce uronka numwanya wokuraba irya armée de réservistes yacu ( avuga imbonerakure). Nawe fata Conseil de Sécurité.

DOLOFO : Mzee none ivyo bivagundu navyo bica biguma bigayagaya iruhande yawe ? Eka….Ekawe….kura ubwo bucafu hambavu yawe !

( Umupfasoni w’umukuru w’igihugu arinjiye. Afise agashavu)

DENISE : Narababwiye ko muzohemuka mumpfakaje ! Iyo mitwe muguma mucurika hamwe abagenzi mwasangiye urugamba mubafata nkibijuju ataco bimaze izobakwegera akarambaraye!

Président, va murivyo bintu amazi atararenga inkombe! Ubu irashize ingani ubutegetsi bwanyu burangirize mumaraso? Ndabarahiye mutikebutse inganda ziratikira, amaraso araseseka, dusigare turi abapfakazi , dusigarane impfuvyi zitazoronka naho zihungira kuko isi yose itaduha nirwere!

Président, irukana ababagabo! Harya umuhanuzi mubi angana numurozi!

( Nkurunziza aciye asohoka azunza umutwe. Abandi basigaye mugacerere. Bunyoni agomvye gusohoka Denise aramuhagaritse)

DENISE: Ubu murakenyeye koko umugabo wanje bamugandagure  kubera amaronko yangu? Ubu murakenyeye tuzopfe twangara n’uruvyaro kubera ububegito bwanyu? Ubu muremanze  gose mubohere amaboko imugongo igihugu cose gushika aho umugambwe CNDD-FDD utazopfa usubiye kuvurwa mumateka y’igihugu?

Ndabarahiye mutisubiyeko ibara rirarwa! Inganda ziratikira! Kandi ntimwibaze ngo namwe muzohava amarembe !

( Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE arongoye www.mporeburundi.org).