Articles

IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA, BUNYONI NA DOLOFO (Ikigabane c’icumi na rimwe).

Petero Nkurunziza: …(agacerere kanini…. Nkurunziza ariko yiyumvira gose….) Bon…

Dolofo:… imbere yuko dusubira kurirya dossier yabarya bakecuru,Bob Rugurika, nibihugu vya buraya, n’ibindi n’ibindi, nagomba mbanze mbaze ingene amahera yaya deal ya commande y’igisoda n’igipolisi yo mubu Shinwa yagenze; kuko mparuye nasanze jewe mwampaye make! Oya, intica ntikize! Mwampaye amacica!

Bunyoni: Gute?

Dolofo: Uti gute? Marché irenza imiriyaridi ijana jewe mukampa imiriyoni amajana atanu gusa! Erega narabajije urya mu KAKA ambwira ko ibiciro vyadugijwe kugira turonke impamba tuzoganukana; nkibotine yigisoda igurwa ama dollar abiri mwayiharuye kuri dollar mirongumunani! Mirongumunani! Quatre vingt dollars i botine yigisoda! Aho simvuze uniforme, bérêts …. Naho ntize ibiharuro vyinshi wumva nari gutahira imiriyoni amajana atanu gusa! Pas question! Anda yose ngaha, zane intambi tumenamwo gutatu!

Petero Nkurunziza: Kusigaye ukara gose ga mwene data. Umviriza, arya mahera harimwo nayamatora y’umugambwe. Nico gituma  urya mu KAKA twamurishe na livraison itaraba. Wewe uravye nkikibazo cokwitoza ubugira gatatu tutaguze abantu bamwe bamwe bo muri système, ntubona ko bazodusesera agatabi canke baturwanye. Nukubanyanyagiza mwo amahera kugira bakazibe imbere ya Congrès du parti…

Dolofo: Mzee ntimumfate nkikijuju!  Nukuri hari ibisigaye bintangaza:Dufatira ingingo hamwe yo gupanga akarere duhereye kwica ababikira bokwa Buyengero, bigoranye mugaca mushaka kubimpindirako jenyene, ariko hageze kugabura amahera ya commande zigisoda n’igipolisi, muca munshira kuruhande. mukazana explications zitumvikana nagato. Marché yamiriyaridi ijana zirenga, niburiburi dusigarana imiriyaridi mirongitanu yokugabura. None ndonka intica ntikize ya cinq cent millions? Cinq cents millions gusa? Sha mwarabonye ko ntize guharura basi! Ebana tureke imikino dusabikanye, nayahandi ibara rirarwa.

Bunyoni: Bagenzi ukuntu mbona dusigaye duhazana ni agasema! Abavuze ko amaraso azohava aseseka muri ibi bihe hagati yacu, ntibabeshe! Ahubwo nyabuna twibande kuri gestion yikikibazo cabarya babikira babatariyano na Bob . Rebe inama nshingamateka y’ ibihugu vya Buraya ihejeje gusohora résolution yagacamutwe. Abaserukira ibihugu vyabo ngaha bakurakuranwa kuraba Bob i Muramvya gusumba uko baraba Kavakure. Sinduhije nguyo i Roma kutwimbira  icobo…

Dolofo: Mafu! Ntaco ivyo vyose bimbarira jewe!

Nkurunziza: Ahubwo nayo mahera dushobora nokutaronka ingene tuyarya turavye nabi!

Dolofo: Kuriyo noti, nta discussions nyinshi! Mutaretse kundyamira ndakoma induru! Ndatabaza Olucome mama yangu!

Nkurunziza: Wasaze!

Dolofo: Iyi dossier yiyi marché yimiriyaridi ijana zirenga muyifyinyeko, iraduhitana twese! Singomba rero kuzira amahera ntariye! Zane tugabure basha. Ahandi ho kombona nubutegetsi bwacu busa nuburiko buranyerera, barayidutsindako!

Nkurunziza: Hamagara wa mu KAKA twahaye marché (abwiye Bunyoni) kuko ndabona bikomeye! Ntidupfe ubusa! Amunguranka niyo mazituvya.

( Hatungimana Léonidas alias Tout Autre arinjiye. Ikiganiro giciye gihinduka)

Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE.

pdb

IKIGANIRO HAGATI YA PETERO NKURUNZIZA ,DOLOFO NA BUNYONI (Ikigabane caicenda).

Intangamarara.

Murukurikirane rw’ibiganiro vyerekana ingene abo bagabo batatu , Petero Nkurunziza, Dolofo na Bunyoni aribo batwaye igihugu bagicuritse, twarabereka abagenzi babo binjiye aho bacuritse imitwe ikiyago caca gihera canke kigahagarikwa. Uyumusi uyo murwi niwo wahagurutse urahakana ko Uburundi busha canke ko ihangiro barwaniye  rihinduka rikaba ubunyonyezi, intwaro y’igikenye, y’agacinyizo, indandende,gukumirana, inzara n’ubukene nayandi mabi yugarije igihugu. Nabo rero baraye bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba ko ako karwi kabandanije kigenza nk’impene yo muci ko Petero Nkurunziza azojana nako. None Nkurunziza nabo basoma mbike biwe bavyakiriye gute ? Mbega umupfasoni w’umukuru w’igihugu ahagaze he ? Ni muvyisomere.

Petero Nkurunziza : Bane ba mama, ubutigu burageze, intenderi yasheshe umuti ! Kakarwi kababasazi kanyandikiye ikete kansaba ko ndababogoza canke ngo nibonereko. Nabuze ico mfata, nabuze ayo ncira nayo mira ! Turabikika gute ? Aho bigoreye badufatiye habi : mugihe ADC-IKIBIRI yasaze ngo sinitoze, mon ami Blaise Compaoré bamwirukanye nkumumenja ! François Hollande aguma asaba ko sindahirahire ngo nsubire kwitoza !

BUNYONI : Monsieur le Président nakubwiye kuva kera ko abo ba Nabindika, ba Neva, ba Moîse i Kinshasa, ba Niyombare kubavugutira umuti hakiri kare urahesha ; none raba baraduhanze. Bate mugasho bose urabe ko hari uwusubira kuryogora.

DOLOFO : wewe ugomba ko baba abamaratiri ! Ubashize mugasho amakungu nazamburabugirire za société civile bazoba baronse akazi nakaryo ko kutwimbira icobo. Jewe ndabasavye ko tubarasa umwumwe. Kuburana nikiziga biroroshe gusumba kuburana nuwuri mumpimba. Ari bazima bazogumura igihugu cose, ibizoshika nibirya vya Burkina Faso. Jewe ndafise inkoho nirengagije kubuterere reka turabe abana tuziha bitwe ko ari rebellion ya ADC-IKIBIRI yateye ica igandagura abo bavandimwe bacitse abagesera.

NKURUNZIZA : Mwabagabo mwe ! Mwabagabo mwe ! Kumengo iki cuka mugifata minenerwe ! Kumengo mwibagiye ko na Chef d’Etat major de l’armée  twasamaye gushika aho nawe asigaye ashigikiye ako karwi! Erega turi encirclés, niba mucibuka ico bivuga kurugamba! Nous sommes dans la merde les amis!

BUNYONI : Président, barungike bose muma ambassade yakure : mu bu Rusiya, mu buchinois, muri brésil, mubuhindi nahandi. Canke basabire ubuzi muri ONU muri maintien de la paix.

NKURUNZIZA : Jewe nibaza ko nobakura mubibanza murimwo nkabashira ahandi habayabaye. Erega igikuru si ibibibanza murimwo mais ama deals yamahera tugira ! Ivyo navyo ntakizohinduka : nitwe tuzoguma dufata ingingo kubibazo vyose vyega igihugu. D’ailleurs tuzoza tugira inama chaque jour kugira tugire stratégies zo gukomeza notre système. Kandi mwibuke ko twamye nantaryo dukora gutryo mugihe cose uwacu yaba abangamiwe. Ibuke ingene wewe ( avuga Bunyoni) twagukuye muri Leta tukaza kukunyegeza ngaha muri cabinet…

BUNYONI :… none raba nongaha bansanze ho !

DOLOFO : Uko biri kose abobajenjeka nabonyene nukubakura mubibanza barimwo. Bibatera amanyama menshi : urabona Nabindika bageze aho bamusasira tapis rouge mumanza zimwe zimwe !

NKURUNZIZA : Reka ngende kwiyumvira ! Ngomba kuva Dakar muri birya bintu vya Buyoya ico kibazo caheze. Wewe ( DOLOFO) nzokugira Chargé de mission, uzoguma wiryamiye muhira canke muri za clubs zawe mbere uce uronka numwanya wokuraba irya armée de réservistes yacu ( avuga imbonerakure). Nawe fata Conseil de Sécurité.

DOLOFO : Mzee none ivyo bivagundu navyo bica biguma bigayagaya iruhande yawe ? Eka….Ekawe….kura ubwo bucafu hambavu yawe !

( Umupfasoni w’umukuru w’igihugu arinjiye. Afise agashavu)

DENISE : Narababwiye ko muzohemuka mumpfakaje ! Iyo mitwe muguma mucurika hamwe abagenzi mwasangiye urugamba mubafata nkibijuju ataco bimaze izobakwegera akarambaraye!

Président, va murivyo bintu amazi atararenga inkombe! Ubu irashize ingani ubutegetsi bwanyu burangirize mumaraso? Ndabarahiye mutikebutse inganda ziratikira, amaraso araseseka, dusigare turi abapfakazi , dusigarane impfuvyi zitazoronka naho zihungira kuko isi yose itaduha nirwere!

Président, irukana ababagabo! Harya umuhanuzi mubi angana numurozi!

( Nkurunziza aciye asohoka azunza umutwe. Abandi basigaye mugacerere. Bunyoni agomvye gusohoka Denise aramuhagaritse)

DENISE: Ubu murakenyeye koko umugabo wanje bamugandagure  kubera amaronko yangu? Ubu murakenyeye tuzopfe twangara n’uruvyaro kubera ububegito bwanyu? Ubu muremanze  gose mubohere amaboko imugongo igihugu cose gushika aho umugambwe CNDD-FDD utazopfa usubiye kuvurwa mumateka y’igihugu?

Ndabarahiye mutisubiyeko ibara rirarwa! Inganda ziratikira! Kandi ntimwibaze ngo namwe muzohava amarembe !

( Ikiganiro catororokanijwe na Pancrace CIMPAYE arongoye www.mporeburundi.org).